Amakuru
30 décembre 2022

Pelé, umwe mu babaye ibihangange muri football, yaritavye Imana kuri uyu wa 29 Kigarama

Umunonotsi rurangiranwa cane cane yamenyekanye mu rukino rw’umupira w’amaguru Edson Arantes do Nascimento batazira Pelé yaritavye Imana mu gihugu ca Brésil ku munsi wa kane. Yamenyekanye cane mu myaka y’1950-1970 igihe yakina nk’umusatirizi n’uwujejwe gukinisha abakinyi bita « meneur de jeu ». Ico yasigiye abantu ni ishaka ridasanzwe yagize mu guteza imbere igisata co kwinonora imitsi no kunywanisha abanyagihugu batandukanye abicishije mu kwinonora imitsi. Tharcisse Harerimana, umwigisha yigisha ibijanye n’inkino mu gihugu ca Canada, yemeza ko uwo munya Brésil Pelé azokwama ari akarorero keza mu mupira w’amaguru. Akaba yitavye Imana afise imyaka 82.