Amakuru
22 décembre 2022

Umuhari Tournons la Page urashima iyezwa rya Tony Germain Nkina

Umuhari Tournons la Page urashimishwa n’ingingo ya Sentare isubiramwo imanza ya Ngozi yejeje umushingwamanza akaba anaharanira agateka ka zina muntu Tony Germain Nkina. Ku bw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhuzabikorwa muri uwo muhari, ipfungwa ryiwe ngo ryari rinyuranye n’amategeko, kimwe mu mukenyuro wa leta wo gutera ubwoba abo bose baharanira ko mu gihugu hubahirizwa agateka ka zina muntu. Asaba leta gukurikiza vuba bwango ingingo yafashwe n’iyo sentare no gukingira umutekano w’uyo aharanira agateka ka zina muntu.