Amakuru
6 décembre 2022

Croix-Rouge Burundi yerekana akarorero mu mugambi wo gukingira ibidukikije

Ugukingira ibidukikije kuragabanya ingaruka mbi z’ibiza. Ni muri iyo ntumbero hatewe imisuna ku nkengera z’uruzi Gikoma ruri mu Carama mu gisagara ca Bujumbura. Ishirahamwe ritabara imbabare Croix-Rouge rikaba ari ryo ryatunganije ico gikorwa ku munsi mpuzamakungu wahariwe abakorerabushake, usanzwe uhimbazwa ku wa 5 Kigarama uko umwaka utashe.