Gushiraho ikigo co gutwara abantu kwa muganga hamwe no gushiraho itegeko ritunganya ikoreshwa ry’ibimenyetso vy’umuryango utabara imbabare, Croix-Rouge, ni bimwe mu vyo uwo muryango wipfuza gushikako mu Burundi nk’uko ibindi bihugu vyabishitseko. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Anselme Katiyunguruza, umunyamabanga mukuru wa Croix-Rouge Burundi. Hari mu nama yahuje abaserukira imiryango itabara imbabare Croix-Rouge yo mu bihugu bine harimwo Uburundi vyitiriwe umuryango wa Kinshasa. Iyo nama ikaba yabaye kuri uyu wa gatatu 18 Gitugutu.
Amakuru
19 octobre 2023