Amakuru
1 décembre 2022

Uburundi ni ubwa mbere muri Afrika y’ubuseruko no hagati mu kurwanya SIDA

Igenekerezo rya 1 Kigarama, ni umunsi wahariwe kurwanya ikiza ca SIDA kw’isi. Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bukaba bwasohoye itangazo ko uyu mwaka, icivugo c’uwo munsi ari « Duharanire gutunganirizwa kumwe mu bikorwa vyo kurwanya umugera wa SIDA ». Mu Burundi, ibikorwa bijanye n’uwo munsi bikazoba kw’igenekerezo rya 8 Kigarama ku kibuga c’inkino Ingoma i Gitega, nk’uko bivugwa na Olivier Nijimbere, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Amagara y’abantu.