Amakuru
26 octobre 2022

Uno mwaka hagiye gutangura kwubakwa ibarabara ry’indarayi rihuza Uburundi na Tanzaniya

Ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi rihuza Uburundi na Tanzaniya bigiye gutangura. Dieudonné Dukundane, umushikiranganji w’Inyubako za leta, yabishikirije ku munsi wa kabiri, aho yari aramutse ashikiriza icegeranyo c’ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye muri aya mezi atatu aheze. Amenyesha ko n’amafaranga yo gutanga imizibukiro yamaze gutegekanywa na leta.