Abanyeshure bo mu myaka ya mbere n’iya kabiri y’ishure shingiro, baba abo mu mashure ya leta canke ay’abigenga, batanguye uyu mwaka w’ishure umunyeshure wese afise ibitabo vy’ishure. Abo mu mwaka wa gatatu na bo bakaba bagiye kubironswa mu minsi mike. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Indero kuri uyu wa kane igihe yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka. Ku bijanye n’ikibazo c’intebe mu mashure, François Havyarimana ahamagarira abayobozi b’amashure gukorana n’abajejwe intwaro mu makomine kugira bikore ku bitara vy’amakomine mu gutorera inyishu ico kibazo, ariko hubahirijwe itegeko rigenga ibidukikije.
Amakuru
21 octobre 2022
