Amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme bakiri bato arabandanya mu Burundi, harimwo gufatwa ku nguvu, n’ugufungwa hadakurikijwe amategeko. Tubisanga mu cegeranyo co mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze, c’umuhari w’abakenyezi n’abigeme uharanira amahoro n’umutekano mu Burundi MFFPS. Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari, aributsa ko ukudahana kwiganje mu Burundi, arikwo gutuma abagirizwa ivyo vyaha badakurikiranwa, no mu gihe baba bazwi.
Amakuru
22 janvier 2021