Amakuru
13 octobre 2022

Abategetsi basabwa gukurikiza iragi rya Rwagasore, kuko we yaharanira ubumwe bw’Abarundi

Kuri uno wa kane, ni ho hibukwa imyaka 61 iheze umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe, mu gihe yariko aharanira ukwikukira kw’Uburundi. Mu nkuka y’imisa yabereye muri Cathédrale Regina Mundi, Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, umwungere wa Diyoseze ya Bujumbura, yasavye abategetsi b’igihugu gukurikiza iragi rya Rwagasore kuko we yashira imbere ubumwe bw’Abarundi, abasaba kuvavanura n’amacakubiri yaranzwe mu Burundi muri kahise. Musenyeri akaba yasavye abategetsi b’igihugu gushira imbere ibikorwa ku neza y’abo bashinzwe kurongora.