Agriculture
10 octobre 2022

Amatoni 690 y’imbuto zirobanuye z’ibigori avuye muri Zambiya ni yo agiye gushika mu Burundi

Amatoni 120 y’imbuto zirobanuye z’ibigori, ni yo leta yakiriye avuye mu gihugu ca Zambiya. Hari ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Yose hamwe, ni amatoni yababa 700 Uburundi buzoronswa, kuko hari izindi modoka zizoshika mu minsi ya vuba zizanye izindi mbuto nk’izo. Izo mbuto, zitwa PAN53, zikazogurishwa ku barimyi ku giciro kiri hejuru gato y’8 000 vy’amafaranga y’amarundi. Ico giciro umushikiranganji w’Uburimyi akavuga ko ari gito. Sanctus Niragira ni we yari yaramutse aja kwakira izo mbuto ku rubibe rw’i Kobero.