Agriculture
6 octobre 2022

Abashingamateka barasabira abarimyi b’ikawa akarusho ku biciro kugira bisununure

Abashingamateka bararajwe ishinga n’ingene abarimyi b’ikawa badahabwa ikibanza kibabereye kandi barima igiterwa cinjiza amafaranga y’agaciro mu Burundi. Babishikirije mu mpera z’indwi iheze igihe bariko babaza ibibazo umushikiranganji w’Uburimyi n’ubworozi. Umushikiranganji Sanctus Niragira aremeza ko ikawa ari ngirakamaro mu butunzi bw’igihugu, akanahumuriza abo bashingamateka ko bariko barafata ingingo zotuma ico giterwa gisubira kunaguka n’abakirima bagasubira kugira agateka.