Amakuru
26 septembre 2022

Karangamuntu za mbere zikozwe mu buhinga bwa none zizoboneka imbere y’uko uyu mwaka uhera

Leta y’Uburundi iriko yitegurira gutanguza ishirwaho rya karangamuntu zikozwe mu buhinga bwa none imbere y’uko uyu mwaka uhera. Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Niteretse, amenyesha ko amakomine 11 azotanguzwamwo uwo mugambi amaze kumenyekana. Yabivuze kuri uyu wa gatanu aho yariko yishura abashingamateka ku cegeranyo c’ingene amakomine yegeranya uburyo agatunganya n’imigambi yayo.