Amakuru
15 septembre 2022

Ibikorwa ku gace Bugarama-Muramvya kw’ibarabara nimero 2 bitegerezwa guhera mu kwezi kumwe

Ikiringo kitarenze ukwezi kumwe ni co umushikiranganji w’Inyubako n’amabarabara, Dieudonné Dukundane, yahaye ikigo ARB kijejwe amabarabara ngo kibe cahejeje ibikorwa vyo gusanura agace ka Bugarama-Muramvya kw’ibarabara rikuru inimero zibiri (RN2).