Amakuru
14 septembre 2022

Abarongoye amashure batabaza ko batazoshobora kugaburira abana, ubushikiranganji bubifata minenerwe

Amashure yaratanguye kuri uyu wa mbere nk’uko vyari bitegekanijwe mu gihugu cose. Abarongoye amashure barashimye ko abana bitavye, ariko bakerekana amakenga bafise kubera ibiciro vy’ibifungurwa biguma biduga kandi amafaranga atagekanywa na leta yo atigera aduzwa. Umushikiranganji w’Indero, Pr François Havyarimana, yari yagiye mu ntara ya Kayanza kwugurura icese umwaka w’ishure, asaba abarongoye amashure kwikora ku mirima y’ishure bakarimira abanyeshure ivyo bashobora gufungura.