Guhera mu mwaka uza, abanywanyi bose b’ishirahamwe Mutuelle bazoba bariko barakoresha agakarata ko kwivurizako kajanye n’ubuhinga bwa none bita carte mutuelle biométrique. Icipfuzo cashizwe ahabona mu nama yahuje abarongoye ishirahamwe Mutuelle n’abo basanzwe bakorana mu bisata bitandukanye mu ntara za Gitega, Karusi, Muramvya na Mwaro. Ku bwa muganga Marie Noëlle Uwineza, umuyobozi mukuru w’imfatakibanza muri iryo shirahamwe, ngo hariko harakorwa n’ibindi vyigwa bizotuma ibipimo vya scanner na IRM birihwa na Mutuelle mu ntumbero yo kworohereza abanywanyi bayo.
Amakuru
9 septembre 2022