Amakuru
19 août 2022

Abarimu 30000 bo mw’ishure shingiro baronse amanota mabi, bagiye guhabwa inyigisho

Ubushikiranganji bw’Indero bwaratanguje kuri uyu wa gatatu inyigisho ku barimu bo mw’ishure shingiro baronse amanota meza mu kibazo baherutse gukora co gusuzuma ubumenyi bwabo. Ku bwa François Havyarimana, umushikiranganji w’Indero, abo bigisha batowe mu mashure yo kuva mu mwaka wa mbere gushika mu wa gatandatu, bazoca na bo baza guha inyigisho abandi barimu bagera ku 30000 baronse amanota mabi mu vyigwa vy’igifaransa n’ibiharuro.