Amakuru
9 août 2022

Iyo bivuye ku ndwara, umukozi wa leta yemerewe gusaba gukukuruka imbere y’imyaka 10

Umukozi wese wa leta agiye kwemererwa gusaba gukukuruka mu gihe yoba asigaje imyaka cumi y’akazi. Ni rimwe mu mategeko yizwe mu nama nshikiranganji yakoranye ku wa gatatu w’indwi iheze i Gitega. Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa leta, yongera avuga ko uwo mukozi azovyemererwa mu gihe yoba afise ingorane y’indwara zo mu mubiri canke mu mutwe.