Amakuru
8 juillet 2022

Indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’umwana, akaryo ko gukingira abana n’abavyeyi

Abana barenga 1,500,000 bari hagati y’amezi 6 n’imyaka 5 ni bo bagiye kuronswa amama ya vitamine A. Iryo sekeza rikaba ribaye mu gihe hariko harahimbazwa indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’umwana, yatangujwe n’umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu Angeline Ndayishimiye, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Mukakaro 2022 mu ntara ya Ruyigi.