Inyigisho zikwiye guhinduka zikisunga ibihe vya none aho kw’isoko ry’akazi ahanini hatakirabwa impamyabushobozi, ahubwo hisungwa ubushobozi bw’abakarondera. Ivyo bivugwa na Prof. Gaspard Banyankimbona, umunyamabanga nshingwabikorwa w’Ihuriro ry’abashashakatsi bo mu ma kaminuza yo mu muryango wa EAC. Abona ko bitakiri ngombwa ko abaheza ayo makaminuza berekana urupapuro rw’umutsindo ahubwo bokwerekana ubumenyi bafise. Prof. Banyankimbona akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Mukakaro, igihe hatangura inama iriko irabera i Bujumbura, ikaba ihuza abavuye mu bihugu bigize EAC.
Amakuru
7 juillet 2022