Amakuru
24 mai 2022

Mu gihe ishirahamwe ry’amabanki ridashobora gusubiramwo isoko rya kera, isoko rizohabwa abandi

Ishirahamwe ry’amabanki ritegerezwa kwerekana ko rishobora gukora ibishoboka kugira ibikorwa vyo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura bizorangurwe mu kiringo categekanijwe. Bishikirizwa na Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa leta, inyuma y’ingingo zafatiwe mu nama nshikiranganji yabaye muri iyi ndwi iheze. Prosper Ntahorwamiye avuga kandi ko mu gihe iryo shirahamwe ritabishoboye, iryo soko rizoca rihabwa abandi bagwizatunga.