Igisata ca ONU kiraba abimukira OIM kigiye gufata mu mugongo leta y’Uburundi mu mugambi wayo wo gukomeza imigenderanire hagati yayo n’Abarundi baba mu mahanga. Bivugwa na Vijaya Souri, aserukira iryo shirahamwe mpuzamakungu mu Burundi. Hari mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yagiranye n’abamenyeshamakuru mu ntango z’ino ndwi. Vijaya Souri akavuga ko Abarundi baba hanze ari benshi kandi bari n’uburyo bashobora kugira uruhara runini mu guteza imbere igihugu.
Amakuru
9 avril 2022
