Amakuru
25 mars 2022

Ikibanza c’Uburundi mu butunzi mu karere kizovana n’ingene Abarundi bitanze mu gisata c’amahinguriro

Abagwizatunga b’Abarundi bahamagarirwa gushira imitahe yabo mu gisata c’amahinguriro kugira Uburundi bushobore guhiganwa mu miryango ya EAC, COMESA na ZLECAF buhurikiyemwo. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane na Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji w’Ubudandaji n’amahinguriro. Akaba yariko atanguza icese politike y’amahinguriro mu Burundi.