Ihagarikwa ry’ikiganiro c’amashirahamwe OLUCOME na PARCEM hamwe n’abamenyeshamakuru ryerekana ko igabisha ry’umushikiranganji ajejwe umutekano ririko rirashirwa mu ngiro. Gervais Ndirakobuca yari yamenyesheje ko uwo ari we wese azohirahira akerekana ko adashigikiye itegeko ryiwe ryo kubuza amapikipiki, amakinga n’amatukutuku gushika hagati mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco azokwibonerako. Ivyo vyose bikaba biciye kubiri n’amajambo umukuru w’Igihugu aheruka gushikiriza aho yemeje ko uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro harimwo n’ubw’imyiyerekano bwubahirijwe mu Burundi.
Amakuru
15 mars 2022