Amakuru
15 mars 2022

Ingingo yafatiwe amapikipiki, amakinga na tukutuku ikandamiza abo mu gisata c’abigenga

Kuri uno munsi wa mbere, amashirahamwe PARCEM hamwe na OLUCOME yishinze gukingira amatungo ya leta, yari yaramutse ategura ikiganiro n’abamenyeshamakuru. Iyo nama ikaba yari igamije kuvuga ico biyumvira ku ngingo iherutse gufatwa n’umushikiranganji w’ Intwaro yo hagati, ibuza amapikipiki, amakinga n’amatukutuku kurenga ibibanza bimwe bimwe vyinjira mu gisagara ca Bujumbura. Ariko inama ikaba itaheze nk’uko vyari vyateguwe kuko igipolisi caciye cinjira kirahagarika ico kiganiro. Ariko rero Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, yari yaronse akanya ko gushikiriza ivyo yari yateguye. Faustin Ndikumana akabona ko ingingo yafashwe irimwo akarenganyo kuko ifata bamwe abandi ntibafate, na cane cane abakozi ba leta.