Amakuru
1 mars 2022

Akamo k’inama ihuza abaserukira abatwara amapikipiki, tukutuku n’amakinga hamwe na leta

Umushikiranganji wa Mbere ahamagarirwa gufasha kugira ingingo ibuza amapikipiki, amakinga n’amatukutuku gushika hagati mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaho ihagarikwe. Ako kamo gaterwa n’amasendika y’abo batwara ivyo vyuma, mw’ikete baheruka kwandikira Alain Guillaume Bunyoni. Abaserukira abanyonga ivyo vyuma, ari nabo bateye igikumu kuri iryo kete, babona ko hofatwa ingingo ihurijweko na bose, ifatiye ku nyungu z’impande zose zirabwa n’ico kibazo.