Amakuru
3 septembre 2022

72 ku 200 ni yo manota yafatiweko ku banyeshure bazoja mu mashure y’inyuma y’ishure shingiro

Amanota 72 ku 200, ni yo yafatiweko ku banyeshure bakoze ikibazo ca leta c’amashure shingiro mu mwaka w’2021 ushira uw’2022, kugira baronke uburenganzira bwo kuja mu mashure y’inyuma y’ishure shingiro. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji w’Indero. François Havyarimana yaramenyesheje kandi ko abanyeshure bo mu bwoko bw’Abatwa bamenye ico kibazo ca leta, bazoca biga mu mashure y’indaro kandi ko bakazokwiga ku buntu.