Amakuru
2 juin 2021

Yaba Leta y’Uburundi, CNDD-FDD, canke CVR, nta bubasha bafise bwo kwemeza ko ubwicanyi bwo mu 1972 ari ihonyabwoko

Yaba Leta y’Uburundi, canke umugambwe CNDD-FDD, canke umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi (CVR), nta bubasha bafise bwo kwemeza ko ubwicanyi bwo mu 1972 ari ihonyabwoko. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, niwe abimenyesha inyuma y’aho hatunganirijwe amanama n’urwego rw’abakenguzamateka. Muri ayo manama, Sylvestre Ntibantunganya, yahoze arongoye Uburundi, akaba yemeza ko ubwicanyi bwabaye mu 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu. Kubwa Bamvuginyumvira, umurwi wari gutomora ivyabaye wari kuba ugizwe n’abarundi hamwe n’abanyamahanga ntiwigeze ushirwaho nk’uko vyari bitegekanijwe n’amasezerano y’amahoro ya Arusha.