Amakuru
4 juin 2021

Yaba Inama nkenguzamateka canke CVR nta burenganzira bafise bwo kuvuga ko ivyaha vyakozwe ari ihonyabwoko canke ivyaha vyo mu ntambara

Yaba Inama nkenguzamateka canke umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR nta burenganzira bafise bwo kuvuga ko ivyaha vyakozwe ari ihonyabwoko canke ivyaha vyo mu ntambara. Bivugwa na Tatien Sibomana, umunyepolitike ari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi. Abivuze inyuma y’ibiganiro vyo guhanahana ivyiyumviro kw’izina ryohabwa ubwicanyi bwo mu mwaka w’1972 bimaze iminsi bikoreshwa n’Inama nkenguzamateka. Aho abashikiriza amajambo nka bose na cane cane Sylvestre Ntibantunganya aremesha ivyo biganiro, yemeza ko habaye ihonyabwoko ryakorewe abahutu. Tatien Sibomana akavuga ko ivyo Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi ashikiriza biteye isoni.