Amakuru
24 mai 2024

William Ruto avuga ko Urwanda ata co rupfana na M23

Inyishu irashe yonyene ku kibazo ca Congo ni ibiganiro bihuza bose. Ivyo bivugwa n’umukuru w’Igihugu ca Kenya, mu kiganiro yagiranye n’ikimenyeshamakuru Jeune Afrique. William Ruto asigura ko ikibazo c’umuhari M23 ari ica Congo, kubera ari Abanyecongo. Aho yariko yishura ku kibazo c’uko Urwanda rutoba rufise uruhara mu mpari ziri hagati ya M23 na leta ya Congo.