Amakuru
12 août 2022

Vyoshoboka gute kurangura ibitoro hadakoreshejwe amafaranga y’agaciro ?

Hari ishirahamwe rishasha ryo kwinjiza no kudandaza igitoro ryatanguye ico gikorwa. Ryitwa Gasen Petroleum Group Limited, rikemera ko rizoshobora kwinjiza ama kamyo 100 ku munsi y’ibitoro bivuye muri Tanzaniya, mu bubiko na ho iryo shirahamwe rikaba ryatanguje ibitoro bingana n’amalitiro imiliyoni 12. Methuselah Nikobamye, ariserukira mu Burundi, akemeza ko ico gitoro kizoba kizimbutse gusumba igisanzwe kidandarizwa mu Burundi. Ariko rero umuhinga mu vy’ubutunzi, Faustin Ndikumana, abona ko ivyo bigoye gutahura ko umuntu yoshobora kurangura igitoro adakoresheje amafaranga y’agaciro.