Amakuru
12 mars 2021

Vyinshi mu bimenyeshamakuru bikorera mu Burundi ni ivyegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD

Ntawushobora kuvuga ko mu Burundi hariho ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru ngo n’uko bihari ari vyinshi mu gihugu. Vyinshi mu bimenyeshamakuru bikorera mu Burundi ni ivyegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Bivugwa na Alexandre Niyungeko, arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi. Kuri we, ngo nta wushobora kandi kuvuga ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi mu gihe hariho abamenyeshamakuru bakorera ku bwoba no mu gutotezwa.