Amakuru
24 mai 2024

Vital Kamerhe aragiriza Urwanda n’Ubuganda guhungabanya Congo

Urwanda n’Ubuganda biracatungwa urutoki cane n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Mw’ijambo ryashikirijwe n’uwagenywe kurongora Inama nshingamateka ya Congo, Vital Kamerhe aragiriza ivyo bihugu bibiri kuba biri inyuma y’indyane n’ubwicanyi buriko bubera mu buseruko bwa Congo. Akaba yasavye abashingamateka kuva hasi kugira bagarukane amahoro n’umutekano muri ako karere.