Amakuru
11 octobre 2023

Uwahoze arongoye BRB yagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu (Léonard Manirakiza)

Uwahoze arongoye ibanki nkuru y’igihugu BRB yarahagaritswe yongera arapfungwa ku wa 8 Gitugutu ari kumwe n’umurwizatunga yitwa Sylvestre Niyonsaba, azwi cane cane ko adandaza ubutare. Ivyo vyemezwa n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Léonard Manirakiza, mw’itangazo yashize ahabona ku munsi wa kabiri. Dieudonné Murengerantwari n’uwo bapfunganywe bagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, kurya ibiturire, kurundarunda amafaranga banyuruje hamwe no kunyuruza ubutunzi rusangi. Umushikirizamanza kizigenza akaba agabisha n’abandi bategetsi baja muri iyo nzira ko batazobihanganira.