Amakuru
11 août 2023

Urwaruka rutegerezwa kumenya ivy’agateka ka zina muntu kugira ntiruzosubire guhendwa

Haratangujwe isekeza ryo guhimiriza no kwigisha urwaruka muri rusangi na cane cane urwo mu migambwe ibijanye n’agateka ka zina muntu. Ibikorwa vya mbere bikaba vyuguruwe ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 9 Myandagaro i Mwaro. Kikaba ari igikorwa c’ubushikiranganji bw’Agateka ka zina muntu. Désiré Harimenshi, umuyobozi mukuru ajejwe agateka ka zina muntu, avuga ko intumbero y’iryo sekeza ari ukugira urwaruka rumenye neza ibijanye n’ico gisata maze ntiruzosubire guhendwa.