Amakuru
30 juillet 2024

Urwaruka rutegerezwa kuja hamwe maze rukiyubahiriza muri politike (D. Banshimiyubusa)

Urwaruka abarukurira bararugaya, aho usanga rudahabwa ijambo, maze ntirugire ico runashikiriza ku ngingo ziruraba. Ivyo binegurwa na Denis Banshimiyubusa, umuhinga mu vya politike. Akaba yabivuze mu kiganiro yahaye abanyeshure ba kaminuze i Bujumbura ku munsi wa gatandatu. Agahamagarira urwaruka kugira urunani, maze rurinde rugire ikibanza muri politike kugira rube mu bafata ingingo nziza ziruraba.