Amakuru
3 mai 2022

Urwaruka rurenga 500 ruriko rurakwirikira inyigisho z’umugambwe CNDD-FDD

Urwaruka rw’Imbonerakure rutegerezwa kumenya ko ari ba samuragwa b’igihugu c’Uburundi. Rutegerezwa kumenya kahise k’urugamba n’akarangamutima k’umugambwe. Bivugwa na Réverien Ndikuriyo, umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD. Hari kuri uyu wa gatanu, mu birori vyo gutanga impapuro z’umutsindo ku nyigisho z’akarangamutima k’umugambwe hamwe n’izo kwiteza imbere zigishijwe Imbonerakure zirenga amajana atanu zo mu ma komine yose agize intara ya Bujumbura. Izo nyigisho zikaba zari zimaze indwi zitangwa.