Urwaruka ngo rurakoreshwa cane n’abanyepolitike mu karere k’ibihugu vy’ibiyaga binini gushika aho ruhabwa ibirwanisho navyo bikaba bidasiba kwiha ibara. Ivyo bikaba ari ivyavugiwe mw’isekeza ririko riraba ry’urunani mpuzamakungu rurwanya ikoreshwa ry’ibirwanisho bidakurikije amategeko, isekeza ryatanguye ku wa 31 Rusama kugeza ku wa 4 Ruheshi 2021. Ngo harakwiye rero ko ama leta yo muri aka karere afata ingingo yo kurwanya ikwirakwira ry’ibirwanisho. Bishikirizwa na Jean Claude Sinzinkayo, umuyobozi w’ishirahamwe MI-RPD rijejwe kurwanya ibirwanisho bito bito.
Amakuru
2 juin 2021
