Amakuru
30 novembre 2023

Urwaruka rufise imigambi y’iterambere yitwararika ibidukikije ruzoshigikirwa n’Ibanki y’isi yose

Ibanki y’isi yose nta co itazokora ngo ishigikire imigambi y’urwaruka rufise imigambi y’iterambere rubicishije mu gukingira ibidukikije. Vyamenyeshejwe n’uwuserukira Ibanki y’isi yose mu Burundi, hari kuri uyu wa gatatu aho yari aramutse agendera ishirahamwe KAGE rihingura amakara akozwe mu micafu. Hawa Cissé Wagué yarakeje urwaruka rw’Abarundi rurangura imigambi yo kwiteza imbere kuko ruriko ruratuma haboneka ubuzi.