Amakuru
12 janvier 2024

Urwanda ni igihugu kibandanya cakira, kikitaho Abanyecongo bahahungira

Urwanda rwakiriye impunzi z’Abanyecongo zababa 14 000 bahunga umutekano muke umaze igihe mu buseruko bw’ico gice ca Congo, kuva mu 2022. Ivyo bikaba biri mu cegeranyo c’ubushikiranganji bujejwe gutabara abanyagihugu mu gihugu c’Urwanda. Ico gice ca Congo kikaba kirangwamwo umutekano muke bivuye ku mirwi itandukanye yitwaje ibirwanisho. Ivyo ni vyo bituma haba uruhagarara rusubiza inyuma agateka ka zina muntu ariko kandi bikanerekana inguvu zikenewe kugira ikibazo gitorerwe inyishu abanyagihugu bareke kwama bariko barahunga.