Amakuru
28 janvier 2022

Urusansuma rwiyamirizwa rw’ubwoko n’intara, rwasabwe n’inama nkenguzamateka

Hari abanyepolitike banegura ingingo itegekanijwe yo kugira runsasuma rw’ubwoko mu bakozi ba Leta mu Burundi. Vyemezwa na Tatien Sibomana, umunyepolitike atavuga rumwe na leta. Amenyesha ananegura kandi ko abafise amabanga mu gihugu nka bose ari abo mu bwoko bumwe kandi bari no mu mugambwe umwe. Tatien Sibomana yizera ko urwo rusansuma ruramutse rukozwe azoba ari urwo gukosora ubusumbasumbane buri mu nzego za leta.