Ururimi rw’igiswahili rugeze ku ntambwe nziza mu mashure yo mu Burundi, n’ikivyerekana ni uko abanyeshure badatinya guhiganwa mu bijanye n’ubumenyi bw’urwo rurimi. Bivugwa na Dorothée Nshimimana, umwigisha w’ururimi rw’igiswahili muri kaminuza. Akaba abivuze mu gihe hari abanyeshure b’Abarundi bariko barahiganwa mu kwandika inkuru kuri Tanzaniya n’uwahoze arongoye ico gihugu Mwalimu Julius Nyerere. Batanu ba mbere muri iryo higanwa bazorihirwa amafaranga yo gutembera mu bibanza vy’iratiro vyo mw’izinga rya Zanzibar iminsi 2. Iryo higanwa rikaba ryatunganijwe n’ibiro vy’ubuserukizi bwa Tanzaniya mu Burundi.
Amakuru
18 juin 2024