Amakuru
27 décembre 2022

Urupfu rwa Pr Christophe Sebudandi ruzosiga igihengeri kinini mu baharanira agateka ka zina muntu

Umwigisha muri kaminuza Christophe Sebudandi ntakiriho. Akaba yitavye Imana ku munsi wa gatandatu mu gihugu c’Ububirigi biturutse ku ndwara. Christophe Sebudandi yari umwe mu baharanira agateka ka zina muntu, akaba incabwenge irangwa n’ubuntu, nk’uko vyemezwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE. Ku bwiwe, Christophe Sebudandi ari mu ba mbere barwaniye ikingirwa n’iyubahirizwa rya kiremwa muntu mu Burundi.