Amakuru
24 mai 2024

Urunani rw’abashingwamanza ruzoshira ku mugaragaro ibirego kubera ata butungane mu buseruko bwa RDC

Urunani rw’abashingwamanza baburanira Abanyamulenge, Abatutsi bo muri Congo hamwe n’Abahema, rumenyesha ko rugiye kubandanya rushikiriza ibirego vy’abanyagihugu bariko bakorerwa amabi, ariko ngo kuva ubu bakanabishira ku mugaragaro. Ivyo ngo bizokorwa uko kuko inzego z’ubutungane za Congo zitigeze zerekana ugushaka mu kugira amatohoza n’ugukurikirana abavugwa mu mabi ari mu birego vyatanzwe haraheze igihe. Mw’itangazo ryasohowe n’urwo runani, umushingwamanza Bernard Maingain, umwe mu bagize urwo runani rw’abashingwamanza, amenyesha ko ubwo buryo bwatowe kugira abategetsi, abaserukira ibihugu vyabo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU eka n’amakungu muri rusangi, babone uruhara rwabo mu mabi ariko arakorerwa mu buseruko bwa Congo.