Urunani rw’abaharanira agateka k’impunzi CBDH/VICAR ruriyamiriza urupfu rw’umurundi yaraye agandaguwe mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH/VICAR, avuga ko iyo mpunzi Issa yagandaguwe n’abantu bataramenyekana. Urunani CBDH/VICAR rurasaba ishirahamwe ryitaho impunzi HCR gukingira impunzi ziri mu gihugu ca Tanzaniya.
Amakuru
13 janvier 2021
