Amakuru
6 octobre 2023

Urunani RCP rurababajwe n’iyugarwa ry’ibitaro vy’ikambi y’impunzi i Nyarugusu muri Tanzaniya

Impunzi z’Abarundi ziba mu gihugu ca Tanzaniya zifatwa bunyamaswa. Ikivyunyuye ni iyugarwa ku munsi wa gatanu w’indwi iheze ry’ibitaro bahora bivurizamwo mw’ikambi y’i Nyarugusu. Uwo ni umubabaro w’urunani RCP ruhamagarira Abarundi kuba intungane. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, agasaba ko izo mpunzi z’Abarundi zifatwa nk’abandi baje bava mu bindi bihugu bahungiye aho muri Tanzaniya. Agasaba leta y’ico gihugu hamwe na HCR guhagurukira ico kibazo maze amasezerano akingira impunzi yukubahirizwe.