Agriculture
27 février 2024

Urunani mpuzamakungu rw’abanyamitahe rushaka guteza imbere ibisata vy’uburimyi n’ubutare

Ibisata vy’uburimyi n’ubutare ni bimwe mu bisata urunani mpuzamakungu rw’abanyamitahe rutegekanya gushiramwo imitahe mu Burundi. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’inama yahuje urwo runani mpuzamakungu n’abanyamitahe b’Abarundi, Raphael Nizigiyimana, umwe mu banyamitahe, yamenyesheje ko urwo runani rwemeye kuzana ibikoresho n’ubuhinga kugira hiyongere ibishorwa hanze hadasigaye inyuma n’ukurwiza akazi biciye mu bikorwa.