Amakuru
10 octobre 2023

Urunani CFOR-Arusha rusaba amatohoza ku gitero cahitanye Abatutsi b’Abacongomani i Nturo

Abasirikare b’Abarundi bari mu buseruko bwa Congo ibikorwa vyabo birateye impungenge. Kuko bajejwe ibikorwa bitandukanye bitotegerejwe kujana kandi bishobora kugira ingaruka mbi ku Burundi. Ivyo bisigurwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rutavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Akaba abivuze inyuma y’aho igisirikare ca Congo, giherekejwe n’abasoda b’Abarundi bambaye umwambaro umwe na bagenzi babo ba Congo, gitereye ahitwa Nturo mu ntara ya Masisi haba Abacongomani bo mu bwoko bw’Abatutsi. Hakaba haraturiwe ingo zitari nke, hapfiramwo abantu benshi. CFOR-Arusha igasaba ko hoba amatohoza yimbitse kandi yigenga.