Amakuru
5 février 2021

Urunani CBDH/VICAR ruriyamiriza amabi atandukanye abandanya akorerwa impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya

Urunani rw’abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi CBDH/VICAR, ruriyamiriza amabi atandukanye abandanya akorerwa impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya. Kubwa Léopold SHARANGABO, icegera c’uwurongoye urwo runani, ngo birababaje kubona Tanzaniya ihonyanga nkana amategeko akingira impunzi. Ngo bitebe bitebuke ico gihugu kizobibazwa imbere y’ubutungane mpuzamakungu.