Amakuru
22 novembre 2021

Urunani CBDH/VICAR ruratabariza impunzi za Lusenda inyuma y’ibitero vy’abitwaje ibirwanisho

Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu k’ababa mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR) ararajwe ishinga n’ibitero biriko bikorerwa impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’i Lusenda mu gihugu ca Congo. Ngo ni ibintu bitumvikana mu gihe iyo kambi icungerewe n’igipolisi hamwe n’igisirikare. CBDH/VICAR isaba leta ya Congo kwimurira izo mpunzi mu kindi kibanza hamwe n’ugukora amatohoza kugira abakora ivyo bitero bafatwe.