Amakuru
21 mars 2023

Uruhumyi rurashobora gutuzwa abantu bagiye barivuza kare indwara zirutera nka glaucome

Indwara itera uruhumyi glaucome irambariwe mu Burundi. Abanyagihugu bagahamagarirwa na bo kuyirwanya bivuye inyuma. Bivugwa n’umuganga Victor Bucumi, arongoye umugambi w’igihugu wo kurwanya indwara zititaweho bikwiye n’uruhumyi. Avuga ko hashizweho umugambi udasanzwe uriko ukorerwamwo ibikorwa bitari bike kugira barwanye neza izo ndwara, harimwo glaucome.